Accueil > Inkino > Amahiganwa > France: Amagara ya Francine Niyonsaba ubu yifashe neza
 France: Amagara ya Francine Niyonsaba ubu yifashe neza
 France: Amagara ya Francine Niyonsaba ubu yifashe neza
				
				vendredi 6 Nyakanga 2013
Francine Niyonsaba yasohotse ibitaro hasigaye umunsi umwe gusa inkino za francophonie zigatangura, nk’uko tubimenyeshwa na bamwe mu barundi baba mu gisagara c’i Nice, aho yari amaze iminsi arwariye.
Umukinyi w ‘umurundikazi asanzwe ari runagrinwa mu makungu, inyuma yo kutaja mu mahiganwa yatunganirijwe i Moscou kuko amagara yari amukitse, kubwo kurwara ukuguru mu gihe yariko arimenyereza, umwigeme Francine Niyonsaba n’ubu abasanzwe bamufasha yaba abaganga, abamumenyereza, bari bagize umutima uhagaze inyuma yaho asubiriye kurwara mu bitaro i Nice mu gihugu c’ Ubufaransa , aho yaragiye mu nkino za Francophonie zizoba ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 7 nyakanga 2013.
Francine Niyonsaba yarwaye mu gihe yarashitse i Nice, bakaba bamutoye indwara ya Malaria aho yaciye ashirwa mu bitaro mu gihe hari hasigaye indwi imwe gusa inkino za Francophonie zitangure. Amakuru ava ngaho mu gihugu c’Ubufransa amenyesha ko uwo munonotsi w ‘umurundukazi yiruka ku metero 800, yavuye mu bitaro kandi ababirabira hafi bavuga ko ameze neza kandi ashobora guca asubira gutangura imyimenyerezo.
Uwundi munonotsi w ‘umurundi yitwa Gakeme yari asanzwe ari mu murwi w’abarundi wagiye gutera iteka Uburundi muri zo nkino, nawe yaciye afatwa niyo ngwara ya malaria. Inkuru mbi rero ku gihugu c’Uburundi mu gihe abarundi bataribwibagire ivya Francine Niyonsaba atagiye mw’ihiganwa ryabera i Moscou.
Tubibutse ko Francine yari yatsindiye inkino zi Shangai, yaronkejwe agashimwe kiswe Urumuri, katanzwe ni radiyo Bonesha FM igihe iyo radiyo yarI iramutse itanga udushimwe ku baririmvyi Toptentube Music Awards 2013 ryabereye mu kigo ndangakaranga c’abafransa IFB.
Floxella Karire
