IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Gashi : Umwimbu w’ibitoke waragabanutse biturutse ku ndwara

Gashi : Umwimbu w’ibitoke waragabanutse biturutse ku ndwara

jeudi 24 Ndamukiza 2014

Imirima itandukanye y’ibitoke yo ku musozi wa Gashi muri komine ya Bugarama yarafashwe n’indwara zitandukanye, arizo xanthonanas compestris pvmusacearum na banana bunchy top virus.

Ivyo bigatuma abanyagihugu bo kuri uyo musozi bacika inkokora yo kubandanya batera ibitoke, ku buryo ndetse ahari imirima y’ibitoke bamwe bahitamwo kuhashira imyumbati n’ibindi biterwa. Izo ndwara zituma ibitoke bitama ndetse bikanahishira, zikaba zatumye umwimbu w’ibitoke ugabanuka muri komine ya Bugarama, kandi ico giterwa gitunze abanyagihugu batari bake.

Mukamenya ko zimwe mu ndwara zimaze iminsi zibangamira bimwe mu biterwa mu karere k’Imbo nk’imyumbati n’ibitoke, abanyagihugu bamaze kumenya uko bashobora kuzirinda imirima yabo, nk’uko bimenyeshwa na Nathan Kabura, umukuru w’umutumba Gashi. Asaba ariko ikigo Isabu (Institut des sciences agronomiques du Burundi) gufasha abanyagihugu, mu kubaronsa ibitungwa kugira bashobore kuronka umwavu wo gutabira imirima yabo.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.