Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Giheta : Igiterwa c’isoya cabereye inyishu abanyagihugu
 Giheta :  Igiterwa c’isoya cabereye inyishu abanyagihugu
 Giheta :  Igiterwa c’isoya cabereye inyishu abanyagihugu
				
				mercredi 22 Ndamukiza 2015
Luc Jérôme Ndayizigiye umwe mu bari mw’ ishirahamwe ryo guhingura umwimbu w’ isoya no kugwiza umwimbu w ‘ibizinu, ntatangazwa n’ivyo bakorera ng’aho, ahubwo atangazwa n’akamaro bamariye abanyagihugu bo mu Giheta.
 
Ndayizeye avuga ko intumbero y’ishirahamwe ryabo, ko ari ukurwanya ingwara z’ivyaduka zivuye ku gufungura nabi , vyarangwa aho mu Giheta, ari yo mvo nyamukuru yatumye hashingwa ishiraramwe ryo guhingura isoya, hasahirizwe imiti, abana baba bakuye kwa muganga ». Ndayizigiye amenyesha kandi ko ubu abanyagihugu bo mu Giheta bose bashobora kwirimira kandi bakitegurira igiterwa c’isoya, kuko iryo shirahamwe ryabibigishije rikabaha n’imbuto. Ndayizigiye ati : « Ku mpanvu z’uburyo igiterwa c’ibizinu ntiturashobora kugishikana aho dushaka, kuko twashaka ko gisubirira inyama, kubafise amikoro abayebaye.
Uretse ko iryo shirahamwe ritegura akanya, ko kwigisha abanyagihugu uko bokwitegurira bonyene imbuto zirobanuye kugira barwize umwimbu, Ndayizeye avuga ko abanyagihugu bo mu Giheta bamaze gutangura kwirwaniriza bonyene ibiza biterwa n’ugufungura nabi.
Luc Jérôme Ndayizigiye akaba asaba umuntu wese rero abishoboye, gufata mu mugongo iryo shirahamwe, kugira bashobore kurwanya bimwe bishemeye ingwara z’ivyaduka, zifatiye ku gufungura nabi.
Bill Nkurunziza
