IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Hatangujwe icese ibikorwa vyo kubaka urugomero rwa KAGU 006

Hatangujwe icese ibikorwa vyo kubaka urugomero rwa KAGU 006

mercredi 6 Rusama 2015

Haratangujwe icese ibikorwa vyo kubaka urugomero rw’umuyagankuba rwo ku ruzi Kagunuzi muri komine ya Buganda mu Ntara ya Cibitoke.

Mw’ijambo ryiwe, umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka come Manirakiza yamenyesheje ko ibikorwa vyo kubaka urugomero rw’umuyagankuba rwa KAGU006 bigiye gutangura. Urwo rugomero narwo rukazokubakwa na sosiyete yo mu gihugu ca Suede, rukazo rufise inguvu zingana na Megawati cumi na zibiri(MW12).

Umushikiranganji Come Manirakiza yaramenyesheje kandi ko umugambi wo kubaka urwo rugomero rwa KAGU006 ku ruzi Kagunuzi wagiyeho mu ntumbero yo kuraba ko urwo rugomero rwofasha mu kwigwiza umwimbu w’umuyangankuba mu Burundi aho tuzi neza ko usanzwe ukenye. N’amasezerano yashizweko umukono hagati yiyo sosiyete yo muri Suede na REGIDESO yaramenyesha uko umwimbu w’umuyangankuba uzokwakigwa muri REGIDESO nayo ikaca iyabasabikaniriza abanywanyi.

Aho mukamenya ko hambavu y’urwo rugomero rwa KAGU 006 hari n’izindi ngomero zamaze gutangura canke ziri mu gutangura zaba izivuye ku masoko ntanganguvu, ku mishwarara y’izuba, ku bizuku aho bagatanga akarorero nk’ingomero zo ku ruzi Mpanda, ku ruzi Kaburantwa, ku nzuzi Jiji.


Alida S.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.