Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Igiciro c’ikiro c’ikawa kiri ku mafaranga 600 gushika ku wa 30 ntwarante (...)
 Igiciro c’ikiro c’ikawa kiri ku mafaranga 600 gushika ku wa 30 ntwarante 2014
 Igiciro c’ikiro c’ikawa kiri ku mafaranga 600 gushika ku wa 30 ntwarante 2014
				
				vendredi 21 Ntwarante 2014
Mw’isekeza ririko riraba ikiro c’ikawa kiri ku mafaranga 600 gushika kuwa 30 Ntwarante ,vyamenyeshejwe na Yozefu Ntirabampa umukuru w ‘urunani rw’amashirahamwe y’abarimyi b’ikawa mu Burundi CNAC umurima w’isangi.
Mu ntumbero yo kumenyesha uko ibiciro vy’ikawa ku murimyi w’ikawa vyifashe , muri iri sekeza ririko riraba ,umukuru w’urunani rw’amashirahamwe y’abarimyi b’ikawa bo mu Burundi CNAC Murima w’isangi ,Yozefu Ntibarampa hamwe n’umunyamabanga nshingwabikorwa mw’ishirahamwe Intercafe , Oscar Baranyizigiye batunganije ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru ,kuri uno wa kane mu bigo vya CNAC Murima w’isangi .
Umukuru w’urwo runani rw’abarimyi b’ikawa Yozefu Ntirabampa amenyesha ko ,igiciro c’ikiro kimwe c’ikawa idatonoye kiri ku mafaranga ari hagati ya 400 hamwe na 600 gushika kuwa 30 Ntwarante. Yaciye amenyesha ko inyuma y’iryo genekerezo ,ishirahamwe Intercafé rizoca ritangaza ibiciro bishasha buri ndwi zibiri. Ni muri iyo ntumbero yaciye asaba abo biraba bose kwubahiriza ico giciro kugira buri muntu wese aronkemwo akunguko kiwe.
 Yozefu Ntirabampa  yamenyesheje ko abarimyi b’ikawa  batazi uko ibiciro biza birahindagurika kw’isoko mpuzamakungu  ari naco gituma abarimyi bama bibaza igituma  igiciro c’ikawa cama gihindagurika buri gihe . Kuri ico kibazo ,umunyamabanga nshingwabikorwa  mw’ishirahamwe intercafé  yamenyesheje ko  igiciro kiguma gihindagurika bivanye no kw’isoko mpuzamakungu . Inyuma rero yo guhanahana ivyiyumnviro bitandukanye basanze bigoye ko igiciro c’ikawa cama ari cakindi .Mu gushinga igiciro c’ikawa ku murimyi araba amahera aba yakoresheje ,mu cigwa cakozwe n’ishirahamwe  Trade  Mark East Afrika  cerekana ko umurimyi akoresha n’imiburiburi amafranga 400 y’ amarundi  kugira aronke ikiro c’ikawa.
 umukuru wa CNAC yarangije asaba abajejwe intwaro gukurikiranira hafi ibiciro biba vyashinzwe, kugira vyubahirizwe.
Floxella Karire
