Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Igitero kidasanzwe kuri Facebook
 Igitero kidasanzwe kuri Facebook
 Igitero kidasanzwe kuri Facebook 
				
				samedi 16 Ruhuhuma 2013
Inyuma ya Twitter,Facebook yamenyesheje kuwa gatanu, ko mu kwezi guheze yatewe ariko bitatumye abanywanyi bayo batakaza ivyo bari bafise kuri uwo murongo.
Nk’uko umuhora Facebook ubucishije k’urubuga blog rwayo yabimenyesheje,ngo yari yatewe n’uwundi murongo. Facebook yamenyesheje ko bamaze gutorera inyishu ico kibazo kandi ko bamaze kumenyesha igipolisi kugira ngo gitangure amatohoza ariko arabandanya.
Abari bagomvye kwigana umuhora wa Facebook bakoresheje logiciel ya Java,yakozwe n’ishirahamwe Oracle,igihe yagirizwa ko ariryo ryakoze ivyo ryaciye rigerageza kuvyiyamiriza.Abo nyene bagerageje kwigana umuhora Facebook bari bageragereje mu mashirahamwe akoresha umurongo w’ingurukana bumenyi internet bashizemwo ijambo ry’ibanga code atari yo.
Kubwa Facebook,ngo siyo yonyene yari yatewe kuko ayandi mashirahamwe yari yatewe haraheze igihe gito.
Nk’uko ibisata bitandukanye bijejwe itohoza muri Reta Zunze ubumwe za Amerika vyabimenyesheje ikinyamakuru Washington Post,ngo ico gihugu kiri mu bihugu vya mbere bikorwako bigatuma ibikorwa bijanye n’ubutunzi bisubira hasi.
Ikigo National Intelligence Estimate cashize imbere k’urutonde rw’ibihugu bikora ibikorwa vyo kwigana imihora,ibigihugu vy’u Bushinwa,Uburusiya,Israyeli hamwe n’igihugu c’u Bufaransa.
Jean de Dieu Munyembabazi


Messages
16 Ruhuhuma 2013, 10:49, par louis
Hewe ndunva Facebook yarahatwe!!
17 Ruhuhuma 2013, 23:32, par anny
ndumvari hatari