IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > terefone > Ihayanishwa ry’ibidandazwa ryateguwe na Africell Tempo

Ihayanishwa ry’ibidandazwa ryateguwe na Africell Tempo

vendredi 7 Ruheshi 2013

Muntumbero yo kunezereza abanywanyi bayo, no kwerekana ibiratwa vyayo, Ishirahamwe Tempo Africell yarateguye ihayanishwa ry’ibidandazwa ifise.Ibikorwa vy’iyo hayanishwa bikaba vyatanguye guhera ku munsi wa gatatu,igenekerezo rya 5 Ruheshi 2013, bikazohera ku munsi wa gatanu,igenekerezo rya 8 Ruheshi 2013.

Ishirahamwe Tempo Africell yifadikanije na Mairie ya Bujumbura, yateguye ihayanishwa ry’ibidandaza vyayo mu ntumbero yo kugurisha amakarata SIM yayo mashasha, ayo nayo akaba adatandukanye cane n’ayahahora ataruko ayo mashasha aje igicapo c’umukenyezi,igicapo gikomeye m’Uburundi cerekana umukenyezi nk’isoko ry’ubuzima, umunezero n’ukurorarirwa.

Iryo shirahamwe rikaba ryashatse guha akaryo abanywanyi bayo n’abandi bavyipfuza , kuroranirwa ku biciro bishasha yabazaniye, kwerekana uturusho twiyongeye mu mihora itanga ya internet , kwerekana uburyo bushasha bwo kuronka no kwinjiza ama inite biciye mw’ikarata SIM yayo nshasha, iyo nayo ikaba igurishwa amafaranga 500,uwuyiguze agaca aronka amafaranga 400 yo guterefona kuri Tempo-Tempo ni 100 ryo guterefona mu mahanga. Hakaba hagenda amafaranga 20 gusa k’umunota.sivyo gusa,no mukurungika ubutumwa ,uburusho bukaba bugaragara.

Muri iryo hayanisha ry’ibidandaza, Tempo Africell ikaba yabikoranye n’amazu asanzwe adandaza amaterefone, ku mahera make ayo nayo akaba ari Obama Shop,Techno Mobile, Samsung na Karibu.Amatombola nayo akaba atasigaye inyuma,kuko hateguwe ibitari bike vyo gutombora nk’ama inite, amasakoshi,inkofero, imipira, ibitenge, eka mbere na Tereviziyo. Bikagaragaro ko hari uruja n’uruza rw’abantu baguma baza muri iryo hayanishwa ryateguwe n’ishirahamwe Africell Tempo.

Fatou Mamie Diop, umuyobozi ajejwe urudandazwa muri Africell Tempo

Fatou Mamie Diop, umuyobozi ajejwe urudandazwa muri Africell Tempo yamenyesheje ko anezerejwe n’iryo hayanishwa ririko riraba, akabona ko bariko barashika ku ntumbero bari bihaye.Izo ntumbero nazo, akaba ari kwegera abanyagihugu mukubashikira ari benshi na cane cane kurushirizaho kubanezereza ku biciro vyayo itanga. Ngo ishirahamwe Tempo rikaba rizorushiraziho gukora ibishoboka vyose kugira inezereze kandi ishikire benshi.

Yashimiye cane Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Saidi Juma n’abandi bakoranye kugira iyo hayanishwa rishoboke.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.