IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Amabi > Ikigo COFEM catanguje isekeza ry’ukurwanya amabi akorerwa abakenyezi

Ikigo COFEM catanguje isekeza ry’ukurwanya amabi akorerwa abakenyezi

mardi 25 Munyonyo 2014

Ikigo COFEM catanguje isekeza ry’iminsi cumi n’itandatu y’ukurwanya amabi akorerwa abakenyezi mu Burundi. Muri iyo minsi, abakenyezi bazoronka akaryo ko gushikiriza ivyiyumviro vy’ivyokorwa mu ntumbero yo kurwanya ihohoterwa bakorerwa. Iryo sekeza ry’iminsi 16 rizosozerwa ku genekerezo rya 10 Kigarama, umunsi amakungu ahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka ka zina muntu.

Ishirahamwe "Association Solidarité des Femmes Burundaises pour Lutte contre le Sida et le Paludisme" ryatanguje kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 25 Gitugutu 2014, isekeza ry’iminsi 16 y’ukurwanya ihohoterwa rikorerwa abakenyezi (16 jours d’Activisme contre les violences faites aux femmes).

Sandrine DEGEDEGE, uwaserukiye umukuru w’iryo shirahamwe, yamenyesheje ko iryo sekeza rifise intumbero yo kuvuga amabi akorerwa abakenyezi, hamwe n’uguhanahana ivyiyumviro ku vyokorwa kugira ayo mabi ahagarare.

JPEG - 125.6 ko
Sandrine DEGEDEGE, uwaserukiye umukuru w’iryo shirahamwe

Amatohoza yakozwe yerekana ko umukobwa (canke umugore) umwe kuri batatu akorerwa ihohoterwa, ibiharuro bikabandanya kuduga, naho kenshi abo bahohoterwa bahitamwo kuguma mu gacerere. Muri iryo sekeza ry’imisi 16 y’ukurwanya ihohoterwa rikorerwa abakenyezi (16 jours d’Activisme contre les violences faites aux femmes), ikigo COFEM (Centre Ombre de la Femme) co muri komine ya Kamenge catunganije inyigisho ku banyagihugu b’aho mu Kamenge ku nyifato ibereye mu kibano, abo banyagihugu bazokwigishwa amategeko agenga ingo, kugira ntibasubire guhohoterwa batazi amategeko abagenga. Harategekanijwe n’inyigisho z’ugusoma n’ukwandika ku bakuze, inyigisho ku bamenyeshamakuru b’abakenyezi, hamwe n’abashingamateka b’abakenyezi.

Iryo sekeza ry’iminsi cumi n’itandatu y’ukurwanya ihohoterwa rikorerwa abakenyezi rizosozerwa ku genekerezo rya 10 Kigarama, umunsi isi yose ihimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka ka zina muntu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.