IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Inkino za CAN 2015 zishobora gusibwa na Ebola, ibihugu biriko vyanka (...)

Inkino za CAN 2015 zishobora gusibwa na Ebola, ibihugu biriko vyanka kuzitunganya

mercredi 22 Gitugutu 2014

Ikiza c’indwara ya Ebola kiriko kiraburabuza itunganywa ry’inkino z’igikombe c’imirwi nserukira bihugu vyo muri Afrika (CAN). Igihugu ca Maroc cari catowe n’uburongozi bwa CAN carahiye kubera Ebola eka na Afrika y’Epfo ntishobora kwemera.

JPEG - 146.6 ko
Fikile Mbalula

Umushikiranganji w’inkino wo muri Afrika y’epfo Fikile Mbalula avuga ko igihugu ciwe kidashobora kwemera ivyo uburongozi bwa CAN buriko busaba ko inkino za CAN 2015 zizobera muri Afrika y’Epfo. Agira ati:" Kuva mbonye urwandiko ruvuye muri CAN ruvuga ko Maroc yanse twoca twakira izo nkino, navuze ko bidakunda naho atawe turabivugana, ego igihugu cacu kiriko gifasha nk’ibindi kurwanya Ebola, ariko ntitwiteguriye kwakira izo nkino. Twarafashije Libiya mu mwaka uheze kubera ingorane z’umutekano, ubu rero nta buryo dufise.

Fikile Mbalula arongera akavuga ati:" Erega Afrika y’Epfo si imfura ya Afrika kugira twame dutegura izo nkino umwaka ku mwaka".

Uburongozi wa CAN butegekanya ibihugu 7 bishobora gusubirira Maroc harimwo Ghana, Afrika y’Epfo yanse hasigara bitandatu. Mu nama izoba kw’igenekerezo rya 2 Munyonyo muri Algeriya yo kurabira hamwe ivya Ebola, Maroc isubiriye kwanka bazoca batora bakoresheje tombola ( tirage au sort) muri vya bihugu indwi. Tubibutse ko inkino za CAN 2015 zizotangura kw’igenekerezo rya 17 Nzero zihera kuri 8 Ruhuhuma 2015.

Mwomenya ko mu mwaka w’i 1996, Afrika y’Epfo yasubiriye igihugu ca Kenya mu nteguro y’izo nkino kubera ubukene, mu mwaka w’i 2010 naho cakiriye inkino z’igikombe c’isi.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.