IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Imbanyi yarimwo Cristiano Ronaldo yageragejwe kenshi gukororwa na nyina (...)

Imbanyi yarimwo Cristiano Ronaldo yageragejwe kenshi gukororwa na nyina wiwe

mardi 22 Mukakaro 2014

Mu gitabo kivuga ubuzima bwiwe yise "Mere Courage", Dolores Aveiro, nyina w’umusatirizi w’umurwi wa Real Madrid Cristiano Ronaldo, aremeza ko yagerageje kenshi gukorora imbanyi yavutsemwo uwo mukinyi w’igihangange. Habaye umuganga yamwankiye yabigiyemwo, atari uko Cristiano ntaba yarabayeho.

JPEG - 42.8 ko
Cristiano Ronaldo na nyina wiwe Dolores Aveiro

Kuri uwo wa gatanu w’igenekerezo rya 17 Mukakaro, Dolores Aveiro, nyina wa Cristiano yasohoye igitabu "Mere Courage" kivuga ivy’ubuzima bwiwe. Kimwe muvyo yanditse, ni imbanyi yarimwo Cristiano yashatse gukorora mu buryo bwose bushoboka. Dolores Aveiro, amaze kumenya ko afise imbanyi igira kane, yaciye arondera umuganga yomufasha kuyikorora, uwo nawe yaramwankiye. Abibonye uko yaciye akoresha imiti kavukire.

Imiti kavukire yakoresheje, kwari kunywa inzoga ishushe hanyuma agaca yihereza agahinga akiruka gushika naho umubiri wiwe uruha iyo nda ikabona gukoroka. Ico gihe, Dolores Aveiro yari afise imyaka 30, amaze kuvyara abana 3 ( Hugo, Elma, na Catia Lilian).

Inzira zo gukorora inda zose zanse, imbanyi yavutsemwo umukinyi mpuzamakungu w’igihangange Cristiano Ronaldo, umusatirizi akomeye mu murwi wa Real Madrid, amaze kuronka imipira ibiri y’inzahabu.

Cristiano amaze kumenya ko nyina wiwe atashatse ko abaho, ntivyamushavuje ahubwo yabwira nyina wiwe yitwengera ati :" Mawe, naho washatse gukorora imbanyi navutsemwo, urabona ko ubu ari jewe ntunze umuryango."

Naho biri uko, Cristiano Ronaldo yipfuza ko nyina wiwe yomurerera umwana wiwe w’umuhungu yitwa Cristiano Ronaldo Junior, ivyo akabishaka kubera uwo muvyeyi yabareranye urukundo, Cristiano na bakuru we.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.