Accueil > Inkino > FOOTBALL > imigwi imwe imwe y’umipira w’amagaru isigaye yitsindisha
 imigwi imwe imwe y’umipira w’amagaru isigaye yitsindisha
  imigwi imwe imwe y’umipira w’amagaru isigaye yitsindisha
				
				mardi 5 Ruhuhuma 2013
Igiporisi co mu muryango w’ubumwe w’ibihugu vya Buraya-Europe cabonye ko habayeho ibikorwa vyinshi vyo kugura abakinyi canke abasifuzi kugira ngo umukino uhere nkuko bavyipfuza, vyabaye mu mupira w’amaguru mu bihugu vya Buraya n’ahandi kw’isi.
amatohoza ahurikiwemwo n’igiporisi co mu bihugu vya Buraya, ryasanze hari inkino zigera hafi kuma 400 zikekwa ko zoba zarabayemwo ivyo bikorwa kuruhande rwa Buraya, nayo iyindi amajana atatu iboneka muri Afrika, Aziya na Amerika y’amajepfo.
Muri iyo mikino harimwo iyizohiganirwa gukinira igikombe ca nyuma c’isi n’igikombe ca Buraya.
Imikino nyayo yabayemwo izo ngorane ntiyashizwe ahagaragara kubera amatohoza atabahaye agahengwe.
Igiporisi co mu bihugu vya buraya kivuga ko ivyo bikorwa vyakozwe n’ishirahamwe ry’abagizi b’inkozi z’ikibi bakorera muri Singapure.
Mariella Bukuru
