IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Indwi igira y’umunani y’inkino, Umurwi wa mbere uzokina n’uwa nyuma

Indwi igira y’umunani y’inkino, Umurwi wa mbere uzokina n’uwa nyuma

jeudi 23 Gitugutu 2014

Indwi y’umunani y’inkino z’ihiganwa rya Primus League ihuza imirwi yo mu cicaro ca mbere buca itangura. Kw’isonga haracari umurwi wa Vital’o, inyuma hari umurwi Academie Tchite.

Nk’uko vyamye bigenga, inkino z’indwi y’umunani izomara iminsi ibiri. Imirwi izohura hakurikijwe iki kiranga minsi:

Kw’igenekerezo 24-10-2014

1) MUZINGA - MESSAGER Bujumbura

2) TCHITE - VITAL’O

Kw’igenekerezo rya 25-10-2014

1) ATHLETICO - VOLONTAIRE

2) PRINCE LOUIS - BUJUMBURA CITY

3) MESSAGER NGOZI - FLAMBEAU

4) NYANZA UNITED - ROYAL

5) INTER - OLYMPIC STAR

6) LLB - RUSIZI FC

Umurwi wa Vital’o uracari kw’isonga, kuva ihiganwa rya Primus League ritanguye umaze gutsindwa rimwe gusa uherutse gutsindwa na Muzinga kimwe ku busa (1-0) mu rukino ruheruka. Umurwi wa Academie Tchite nawo nturatsinda na rimwe. Ikibazo kikaba ari ico kumenya ukuntu urukino ruzoba rumeze hagati y’umurwi wa mbere n’uwa nyuma.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.