Accueil > Inkino > FOOTBALL > Inkino zo guhiganirwa kuja muri CECAFA zahagaritswe
 Inkino zo guhiganirwa kuja muri CECAFA zahagaritswe
 Inkino zo guhiganirwa kuja muri CECAFA zahagaritswe
				
				dimanche 31 Ntwarante 2013
Umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama, Adolphe Rukenkanya yararungikiye urwandiko, kuwa gatanu igenekerezo rya 29 Ntwarante 2013, uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo mu Burundi, Lydia Nsekera amusaba kwigiza imbere ku kiringo c’indwi zibiri, urutonde rw’inkino zo guhiganirwa kuja mw’ihiganwa rya CECAFA zotanguye kuwa gatandatu igenekerezo rya 30 Ntwarante 2013.
Umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji, Silvère Nshagirije, avuga ko iyo ngingo yafashwe kugira habanze gutorwa inyishu y’ibibazo biri mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB.
Joel Sengurebe
