IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu Rugamba zatahukanye intsinzi

Intamba mu Rugamba zatahukanye intsinzi

lundi 23 Ruhuhuma 2015

Umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru Intamba mu Rugamba washitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura mu gatondo ko kuri uwu wa mbere. Intamba mu Rugamba, abakinyi batarenza imyaka 23 batahukanye intsinzi bakuye muri Congo Kinshasa.

JPEG - 84.7 ko
Intamba n’abaziherekeje bashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura

Mu gatondo ko kuri uwu wa mbere niho umurwi w’Intamba mu Rugamba n’abari bawuherekeje bashika ku kibuga c’indege ca Bujumbura, n’umunezero mwinshi kubera batahukanye intsinzi. Urukino ruri mu nkino z’ikurakuranamwo mu nteguro y’inkino bise "Jeux Africains". Urwo rukino rwa mbere (aller), rwabaye kuri uwu wa gatandatu, Intamba zatsinze Ingwe (Leopalds) zo muri Congo Kinshasa igitsindo kimwe ku busa.

JPEG - 329.6 ko
Abakinyi b’Intamba batanguye mu kibuga

Muri urwo rukino rwabereye ku kibuga c’i Tata Raphael i Kinshasa, Uburundi bwatsinze igitsindo kimwe ku busa bwa Congo Kinshasa (1-0). Ico gitsindo cabonetse ku munota wa 50 cinjijwe n’umukinyi NSHIMIRIMANA Abassi. Umunyegori Madede nawe yagize ibitangaza mu gufata "Penalty" yatewe n’umurwi wa Congo hasigaye iminota mike kugira urukino ruhere.

JPEG - 381.9 ko
Fotos:Afrifame: Abassi Nshimirimana ahejeje kwinjiza

Tubibutse ko urukino rwo gusubiza ruzoba kw’igenekerezo rya 08 Ntwarante ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE.

JPEG - 298.6 ko
Abakinyi ba Congo batanguye mu kibuga

Raba aha munsi amafoto yose yafashwe n’umumenyereza w’abanyezamu, Amidou Hassan

JPEG - 175.9 ko
Kaze Cedric avuga uko urukino yarushimye

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.