IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Jose Mourinho yibaza ko batsinda Atletico Madrid 5 ku busa

Jose Mourinho yibaza ko batsinda Atletico Madrid 5 ku busa

mercredi 23 Ndamukiza 2014

Urukino rwahuje umurwi wa Chelsea na Atletico Madrid rwabaye akananira bahinga kuko iyo mirwi yamaze umwanya wagenewe urukino atawinjije uwundi. Vyabaye uko mu gihe abamenyereza ku mpande zose bavuga intsinzi imbere y’uko urukino rutangura. Inyuma y’urukino, Jose Mourinho na Diego Simeone baciye batanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru umwe wese avuga uko yabonye urukino.

JPEG - 124.7 ko
Diego Simeone ibubamfu, Jose Mourinho iburyo

Igice ca kabiri gishira ica nyuma (demi finale) caraye gitanguye, umurwi wa Chelsea watanye mu mitwe na Atletico Madrid. Iyo mirwi yasezeranye ari ubusa ku bundi (0-0). Urukino rwabonekamwo inguvu zidasanzwe, Atletico yari ku kibuga cayo ntiyashaka kuhatsindirwa, Chelsea nayo ikabamba kugira nayo ntitsindwe bizohave biyigora mu rukino rwo gusubiza ruzobera iwabo. Inyuma y’urukino, Jose Mourinho yabwiye abamenyeshamakuru ati : "Narinzi ko ntsinda 5 ku busa, nkaba maze gushika mu gice ca nyuma, ariko ntivyari vyoroshe na gato, sinobishima cane naho bitweretse uko tuzokwifata ku kibuga iwacu".

Diego Simeone amenyereza Atletico Madrid, nawe ati : "Umurwi wose wari ufise ico uriko urondera, twebwe twashaka kwinjiza, Chelsea nayo yashaka kuzibira. Reka rero turindire ikizova mu rukino rwo mu ndwi iza, turabe ko buno busa ku bundi (0-0) buzogirira akamaro Chelsea canke twebwe.

Tubamenyeshe ko urukino rwaheze umunyezamu Peter Cesh akomeretse co kimwe na Terry umukinyi w’inyuma, bishobora no gushika abo bakinyi ba Chelsea ntibazokine inkino zikwirikira.

Mwomenyako Real Madrid iza gutana mu mitwe na Bayern Munich kuri uwu wa gatatu.

Umunyezamu wa Chelsea Petr Cech asohotse ikibuga

Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.