Accueil > Inkino > FOOTBALL > Josip Kuže yahoze amenyereza "Amavubi" yitavye Imana
 Josip Kuže yahoze amenyereza "Amavubi" yitavye Imana
 Josip Kuže yahoze amenyereza "Amavubi" yitavye Imana 
				
				mardi 18 Ruheshi 2013
Umumenyereza akomoka mu gihugu ca Croatia, Josip Kuže yigeze kuba amenyereza umurwi nserukiragihugu w’urwanda « Amavubi » hagati y’umwaka w’2007 n’2008, yaritavye Imana ku munsi w’ejo, ahitanwe n’indwara ya Leukemia.
Josip Kuže yarakoranye n’umurwi nserukira gihugu w’Urwanda igihe gito cane, aca aronka akazi mu Buyapani, ikibanza yarimwo agisigira Raoul Shoung, ari nawe bari basanzwe bafadikanya amabanga yo kumenyereza « Amavubi »
Josip Kuže yaraye yitavye Imana yarabaye umwe mu bakinyi bakomeye mu murwi wa Dynamo Zagreb y’iwabo mu gihugu ca Croatia, akaba yaranatwaye igikombe ca UEFA akina muri uwo murwi nyene.
 
- Umurwi Dynamo Zagreb wo mu gihugu ca Croatia, ari nawo Josip Kuže yahora akinamwo
Josip Kuže yavutse ku genekerezo rya13 Munyonyo umwaka w’1952, avukira i Vranje akaba yitavye Imana ku genekerezo rya 16 Ruheshi 2013, ku myaka 60 gusa y’amavuka. Muri kahise kiwe, Josip Kuže, nk’umumenyereza yatsinze inkino 31,14 kw’ijana, anganya 25,44 kw’ijana, hanyuma atsindwa 43,42 kw’ijana.
Egide Nduwimana
