Accueil > Inkino > FOOTBALL > Kuri uyu w’Imana Yaoundé arasezera Vital’o
 Kuri uyu w’Imana Yaoundé arasezera Vital’o
 Kuri uyu w’Imana Yaoundé arasezera Vital’o
				
				jeudi 8 Myandagaro 2013
Umumenyereza wa Vital’o, Kanyankore Gilbert batazira Yaoundé azosezera uwo murwi n’abakunzi bawo kuri uyu munsi w’Imana uza. Akaba agiye kumenyereza umurwi wo mu Rwanda witwa Kiyovu Sport.
 
- Kanyankore Gilbert batazira Yaoundé
Yaoundé amaze imyaka 22 amenyereza umurwi wa Vital’o utiteranije azowusezera kuri uyu w’Imana. Aho hakazoba ari inyuma y’urukino Vital’o izokina na Atletico FC. Rukaba ruzoba ari urukino rwanyuma Vital’o izoba ikinye ariwe ari umumenyereza wayo. Agiye ku menyereza umurwi wo mu Rwanda wa Kiyovu Sport.
Bitegekanijwe ko azoshika mu Rwanda ku munsi wa mbere w’indwi iza igenekerezo rya 12 Myandagaro. Ariko imbere yaho akaba yashatse guherekeza umurwi wa Vital’o mu rukino rwo kuri uyu w’Imana. Irwo rukino rukaba rwari rwigijwe inyuma. Kanyankore akaba ngo ashaka kugenda aronkeje intsinzi Vital’o inyuma y’intsinzi y’ejo hahise aho uwo murwi watsinze Inter Star, umurwi mukeba wa Vital’o.
 
- Kanyankore Gilbert batazira Yaoundé
Muri iyo myaka 22, Kanyankore Gilbert batazira Yaoundé akaba yaronkeje ibikombe 15 umurwi wa Vital’o mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru ryo mu Burundi. Ubuheruka naho akaba anaherutse kuronsa uwo murwi igikombe ca CECAFA Kagame Cup.
Sengurebe Joel
