IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ligue des champions:FC Barcelone na Bayern mu gice ca 1/2 gishira ica (...)

Ligue des champions:FC Barcelone na Bayern mu gice ca 1/2 gishira ica nyuma

mercredi 22 Ndamukiza 2015

FC Barcelone na Bayern Munich ibaye imirwi ibiri ya mbere yaronse uburenganzira bwo gushika mu gice ca 1/2 gishira ica nyuma mu nkino zihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyo ku mugabane wa Buraya.

Umurwi watangaje benshi mu rukino rwabaye kuri uno wa kabiri igenejerezo rya 21 Ndamukiza,ni umurwi wa Bayern Munich wo mu gihugu c’Ubudagi wahuye n’umurwi FC porto wo mu gihugu ca Portugal.

Naho wari ubuze abakinyi bawo ba kizigenza Robben na Frank Libery,umurwi wa Bayern Munich warashoboye kugombora ibitsindo bibiri warushwa na Porto inyuma yo gutsindwa mu rukino rwa mbere ibitsindo 3 kuri 1. Gushika ku munota wa 40 w’urukino, umurwi Bayern Munich wari umaze kwinjiza ibitsindi 4 k’ubusa bwa FC Porto. Urukino rwarangiye ari intsinzi ya Bayern Munich y’ibitsindo 6kuri 1 ca FC Porto ,ibitsindo vyinjijwe na Thiago, Lewandowski yinjije 2, Müller, Boateng, Xabi Alonso.

Umurwi wa FC Barcelone we ntivyawugoye kuronka uburenganzira bwo gushika mu gice ca 1/2 gishira ica nyuma, kuko inyuma yo gutsindira umurwi wa Paris saint Germain ku kibuga cawo ibitsindo 3 kuri kimwe, umukinyi Neymar yinjije ibitsindo 2 k’ubusa, mu rukino rwo gusubiriza, bituma vyose hamwe biba ibitsindo 5 kuri 1 ca Paris saint Germain.

Bibaye mu myaka itatu ikurikirana, aho umurwi wa Paris saint Germain uviramwo mu gice ca 1/4 gishira ica nyuma, mu nkino zihuza imirwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.