Accueil > Inkino > FOOTBALL > Manchester City na Wigan mu gice ca nyuma ca FA Cup
 Manchester City na Wigan mu gice ca nyuma ca FA Cup
 Manchester City na Wigan mu gice ca nyuma ca FA Cup
				
				lundi 15 Ndamukiza 2013
Ukwinjiza ibitsindo bibiri vy’intsinzi vy’umurwi wa Manchester City (2-1) ku murwi wa Chelsea ku kibuga ca Wembley ku musi w’Imana uheze, Samir Nasri na Sergio Aguero batumye umurwi wabo ushika mu gice ca nyuma ca FA Cup ikaba izohura na Wigan.
Umurwi wa Chelsea, ariwo watahukanye igikombe c’ umwaka uheze, batsinze igitsindo ku munota wa 65 giteye igomwe c’injijwe na Demba Ba, mugabo nticabujije ko abakinyi bu murwi wa Manchester City bagumana umutima munda mu kuzibira uruhande rwabo.
Mu gihe hoba intsinzi ya Manchester City, kuwa 11 rusama, kwoba kubaye ukwishura kw’ ihiganwa rya Premier League uri inyuma amanota 15 ku murwi wa Manchester United hakaba hasigaye imikino 7 ngo ihiganwa rihere. Kuwa gatandatu, Wigana ikaba yatsinze Millwal, umurwi wo mu c’icaro ca kabiri (2-0).
Armel Nakindavyi

