IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Mbega kahise k’imirwi ya FC Barcelone na Real Madrid kavuga iki?

Mbega kahise k’imirwi ya FC Barcelone na Real Madrid kavuga iki?

mercredi 16 Ndamukiza 2014

Imirwi y’ibihangange kandi mikeba yo kuva muri kahise yo muri Espagne iratana mu mitwe mu rukino rwanyuma rw’ihiganwa ry’igikombe c’umwami wo muri ico gihugu. Lionel Messi, Neymar, Iniesta baraho barakomeye muri FC Barcelone. Bale, Benzema nta Cristiano Ronaldo muri Real Madrid. Urukino rwitezwe n’abantu isinzi.

Urukino rwitezwe n’abantu isinzi ruzakubera ku kibuga ca Mestella kiri mu gisagara ca Valence. Itorwa ry’ico kibuga ni kugira bahurira ku kibuga kindi bose batamenyereye. Cristiano ntakina.

Kuva kera na rindi imirwi ya FC Barcelone na Real Madrid yo mu gihugu ca Espagne yamye irabana nk’abakeba. Inkino z’iyo mirwi bahavuye bazitorera akazina k’ubuhizi"El Clasico". Iryo tazirano rikoreshwa mu mirwi isanzwe ari mikeba kuva kera nka, Manchester united na Manchester City yose isangiye igisagara ca Manchester.

Muri kahise k’iyo mirwi dusanga umurwi wa Real Madrid ariwo ufise ikibanza ciza mu nkino zose umaze gukina na FC Barcelone. Mu mahiganwa akomeye nka La Ligua, Ligues des Champions, Igikombe c’Umwami(bahiganirwa uno munsi), Supercopa de Espagne, Coupe de la Ligue iyo mirwi ibiri imaze gukina nkino 226, muri izo Real Madrid yatsinze 90(ibice 40%), inkino 48 yaranganije(ibice 21%), FC Barcelone yatsinze inkino 88(ziharurwa mu bice 39%).

Umurwi wa Real Madrid mu nkino wakiriye iwabo FC Barcelone muri ya mahiganwa nyene. Mu nkino 112 imirwi yakinye, Real Madrid watsinze inkino 63(56%), inganya inkino 25(22%), FC Barcelone yatsinze inkino 24(24%).

Ku kibuga ca FC Barcelone, yakinye na Real Madrid inkino 113. FC Barcelone yatsinze inkino 64 (57%), inganya 23 (20%), Real Madrid itsinda inkino 26(23%). Baharuye basanze umurwi wa Real Madri ufise itsinzi nyinshi haba mu nkino zabereye iwabo, haba no muzabereye hanze, mu gihe FC Barcelone ufise hanini intsinzi uri mu gihugu iwabo.

Turavye mw’ihiganwa rya Liga Espanola, kuva mu mwaka 1942 gushika mu mwaka 2011, umurwi wa FC Barcelone watsinzwe rimwe gusa na Real Madrid, hari mu mahiganwa ryo mu mwaka w’i 1942 ushira umwaka w’i 1943. Ico gihe, Real Madrid yatsinze FC Barcelone ibtsindo 11-1.

Mwomenyako umurwi wa Real Madrid wavutse mu gisagara ca Madrid mu mwaka w’i 1902, FC Barcelone wavutse imbere yaho mu mwaka w’i 1899 mu gisagara ca Barcelone mu gihugu ca Espagne.

<img11782|center


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.