IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Messi yatangaye adatowe nk’umukinyi wa mbere muri gihugu i wabo

Messi yatangaye adatowe nk’umukinyi wa mbere muri gihugu i wabo

jeudi 18 Kigarama 2014

Umukinyi w’igihangange Lionel Messi yaraye atangaye kuba atasubiriye gutorwa nk’umukinyi wa mbere w’igihugu ca Argentine akinira hanze y’igihugu kuko hari haheze imyaka itari mike ariwe ari ntayeyayezwa muri ico kibanza.

Angel Di Maria

Kuva mu mwaka w’2007, Messi avuka muri Argentine akaba na kizigenza w’umurwi nserukira gihugu wa Argentine, akaba n’igihangange muri FC Barcelone, yagumye atorwa nk’umukinyi wa mbere wo muri ico gihugu akina mu mirwi yo hanze.

Messi rero yoba yatangaye yumvise ko Angel Di Maria yahoze akina muri Real Madrid ubu ari muri Manchester United, atowe nk’umukinyi wa mbere wo mu gihugu w’uno mwaka w’2014.

Intsinzi ya mbere ya Messi aho yatorwa nk’umukinyi wa mbere akinira hanze hari mu mwaka w’2005, mu mwaka w’2006 hatowe Juan Sebastian Veron guhera aho yaciye amara imyaka indwi yose atawumukoreramwo muri ico kibanza.

Umukinyi Angel Di Maria yakoze neza mu mwaka w’2014 aho yatahukanye igikombe ca Ligue des Champions ari mu murwi wa Real Madrid, eka no mu gikombe c’isi cakiniwe muri Bresil yarafashije cane umurwi nserukira gihugu wa Argentine. Di Maria yagiye mu murwi wa Manchester United aguzwe imiriyoni 75 z’amafaranga y’amanyaburaya.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • ntanvura idahita messi nawe ari mubihe vyanyuma

  • mbega djuma urabona ikimenyetso yerekanye kwifoto yiwe?niya piramide igaragaza umurwi wagishetani ulliminatti.natsindwe... nuyo ahagiye nimba atumvira imana ntazohamara na kabiri, Kuko Ubukuru Bgose Buva K’ Uhoraho. Hahahahahahahahahaha!!!!Abizeye Ka satan Ndabatwenze Kuko Karatsinzwe Kuva Kera.Abizera Uhoraho Nitwe Dutegeka Bikarama!!Aaaaaa"the Devil Is In Troubles"shetani Ari Mumaganya Menshi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.