Accueil > Inkino > FOOTBALL > Mozambike na Afrika y’Epfo vyasezeye amahiganwa ya CHAN
 Mozambike na Afrika y’Epfo vyasezeye amahiganwa ya CHAN
 Mozambike na Afrika y’Epfo vyasezeye amahiganwa ya CHAN
				
				lundi 20 Nzero 2014
ibihugu biri mu mahiganwa y’inkino za Chan umwaka w’2014 biriko biraheza igice c’umunani c’inkino. Itsinda B ryarahejeje inkino zo mw’itsinda. Umurwi wa Mali na Nigeriya iramaze kumenyekanako izobandanya mu gice ca 4.
Ku munsi w’Imana igenekerezo rya 19 Nzero, Inkona zo muri Nigeriya zakinye n’umurwi Bafanas Bafanas wo muri Afrika y’Epfo. Inkona z’umumeneyereza Stephen Keshi zatahukanye intsinzi y’ibitsindo 3-1. Ejike Uzoenyi yinjije ibitsindo 2 n’ikindi cinjije na Efeanyi Ede, iyo ntsinzi yaciriye inzira uwo murwi yo kwinjira mu gice ca 4 co kimwe n’umurwi wa Mali bisangiye itsinda D. Umurwi wa Mali na wo wirahiye umurwi wa Mozambike ibitsindo 2-1. Umurwi wa Afrika y’Epfo na Mozambike yaransezeye inkino.
 
- Umurwi wa Nigeriya
Muri iryo tsinda umurwi wa Nigeriya uri kw’isonga, Mali, Afrika y’Epfo hanyuma Mozambike, umurwi wa Mali ufise amanota 7, Nigeriya 6, Afrika y’Epfo 4 n’ubusa bwa Mozambike.
urukino rwahuje Nigeriya na Afrika y’epfo rwagenze uku gukwirikira :
Cherif nkeshimana
