IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Abarundi nibo batwaye igikombe c’amahiganwa ya Rallye Ngozi

Abarundi nibo batwaye igikombe c’amahiganwa ya Rallye Ngozi

lundi 17 Munyonyo 2014

Mu mahiganwa yariko abera mu mabarabara akikuje imisozi ya Vyerwa vya Ngozi, abarundi barerekanye ko batoroshe mu gutwara imiduga muri ayo mahiganwa yari yitabwe n’ababirigi hamwe n’abanyarwanda.

Abarundi nka Vallery Bukera na CANTANHEDE Rudi bakaba barerekanye ubuhinga mu gutwara imiduga, aho bagagera kuri 12 bari muri ayo mahiganwa bose, bazungurutse amabarabara akikuje imisozi ya Vyerwa vya Ngozi, ayo mabarabara nk’uko abari bajejwe gutegura amahiganwa babitubwiye, akaba yose bayazungurutse mu birometero amajana ane na mirongo ibiri.

Vallery Bukera yabaye uwa mbere mu mahiganwa ya Rallye yose, nayo CANTANHEDE Rudi aba uwa mbere mu mahiganwa ya Rallye yo kuri uyu wa 16 Munyonyo mu Vyerwa. Vallery Bukera inyuma y’iyo ntsinzi akaba yabariye abamenyeshamakuru ko anezerewe rwose, ndetse akavuga ko ashimira bimwe bivuye ku mutima abakunzi biwe, abateguye amahiganwa, abarorerezi n’abandi. Avuga ko amahiganwa ya Rallye atoroshe, bigasabwa ko umuntu wese yitanga kugira ashobore gutsinda.

Eka no mw’ishirahamwe ry’abagendesha imiduga bavuga nk’uko, ariko bagasaba abarundi guhurumbira ayo mahiganwa, ndetse bakaba batumiriwe mu yandi azobera mu kiyaya c’Imbo mu kwezi kwa Ntwarante umwaka uza, eka n’ayandi yitiriwe imisozi azobera mu gihugu c’Urwanda. Mukamenya ko muri ico gice ca nyuma cari citabwe n’abantu isinzi hatanzwe n’ubushimwe, aho abarundi muri ayo mahiganwa y’i Ngozi aribo batwaye ibibanza vya mbere n’ivyakabiri. Uwa mbere ni CANTANHEDE Rudi, uwa kabiri Vallery Bukera, nayo uwa gatatu akaba ari umunyarwanda GAKWAYA Jean Claude.

Turetse ibikombe bitandukanye vyahawe abari bitavye ayo mahiganwa harimwo n’umwe mu baporisi b’Uburundi Desire Uwamahoro, tukabamenyesha ko hatanzwe n’amwe mu matike y’indege ava i Bujumbura aja i Dubai, na Bujumbura Mwanza atanzwe na Rwandair, hamwe n’ibahasha rigera ku miriyoni icenda z’amarundi ryatanzwe n’ibanki KCB.

Abahiganywe muri Rallye bakaba bari aba bakurikira :

1.BUKERA Valery / Khetia Nital (BDI) Subaru Impreza N10

2. KWIZERA Claude / RUGOMWA Gilbert (RW) Subaru Impreza N12

3. CANTANHEDE Rudi /
TISSARCHONTOS Petros . (BDI) Mitsubishi Evolution 4

4. VERDIN Marc / BEAUFORT Fernand (BE) Subaru Impreza N10

5. Mohammed Abbas / HASSAN Ally (BDI) Subaru Impreza N10

6.GAKWAYA Jean Claude / MUGABO Jean Claude .(RW)
Peugeot 205 GTI

7.DAVID Pierre / BOUCQUIAU Philippe (BE) Toyota Celica

8. KALULA Sultan / MASSOUD Fahad ( BDI ) Subaru Impreza GC8

9.BAREKAYO Kimbol / ABDUL Rauf ( BDI ) Toyota Celica

10.REMEZO Christian / MACERI Dias ( BDI ) Toyota Curen

11. MUTORE Thierry / KARORERO Jean Paul ( BDI ) Subaru WRX

12. UWAMAHORO D. Aimable / TBA ( BDI ) Range Rover MPV


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.