Accueil > Inkino > FOOTBALL > Neymar yirinze kuvuga umurwi yokinira
 Neymar yirinze kuvuga umurwi yokinira
 Neymar yirinze kuvuga umurwi yokinira
				
				vendredi 8 Ntwarante 2013
Umusatirizi ava mu gihugu ca Brezile,akinira kandi umurwi Santos wo muri ico gihugu yamenyesheje kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 8 Ntwarante ko agomba gukinira ku mugabane wa Buraya,cane cane mu gihugu ca Esupanye,ariko ntiyavuze nimba yoba yipfuza gukina muri FC Barcelone canke muri Real Madrid.
Mw’ijambo yavugiye ku nsamirizi ya El patido de las 12,yavuze ati:«Simbona umurwi nohitamwo.Barcelone na Real Madrid ni imirwi ibiri yose ikomeye,umwe wose na kahise kawo.» yabandanije avuga ati:«Ni indoto zanje gukinira i Buraya,ariko sinzi igihe ivyo bizoshikira.»
Bamubajije ku bijanye nuwo ashima hagati ya Christiano Ronaldo na Lionel Messi,Neymar yavuze ko bose abashima ariko ko yatoye Lionel Messi nk’umukinyi wa mbere kw’isi.
Neymar asanzwe afitaniye amasezerano na Santos gushika mu mwaka uza wa 2014,yavuze yongera asubiramwo ko ashaka gukina gushika amasezerano aheze.
Neymar ubu afise imyaka 21 y’amavuko.
Mugisha Van Naris




Messages
4 Myandagaro 2015, 22:33, par Innocent
Neymar Niyirambire Kuko Arafise Kazoza Kurukino Rwumupira
28 Mukakaro 2018, 16:40, par jean claude nkurunziza
Kavuga Uko None Ashaka Kuja Mwi Ekipe Iyihe Azoguma Muri Pari
28 Mukakaro 2018, 17:45, par Jean Claude Nkurunziza
Gucagura Bisaba Iki Vyiza Yoraba Aho Aguma