Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ntagisivya urukino rw’igihugu ca Bresil n’Ubwongereza ruzoba
 Ntagisivya urukino rw’igihugu ca Bresil n’Ubwongereza ruzoba
 Ntagisivya urukino rw’igihugu ca Bresil n’Ubwongereza ruzoba  
				
				vendredi 31 Rusama 2013
Urukino rwa kivandimwe ruzohuza igihugu ca Bresil n’ubwongereza rutegekanijwe ku musi w’Imana uza igenekerezo rya 02 Ruheshi 2013, ku kibuga c’umupira w’amaguru c’i Maracana de Rio de Janeiro nk’uko bivugwa n’ubutungane bw’igihugu ca Bresil kuri uyu wa kane.
Ikosa ry’ibiro vyo gutunganya ivy’urwo rukino ryahatswe gutuma urwo rukino rusiba kuri uyo musi ku kibuga c’umupira w’amagura c’i Maracana, ku mpavu z’umutekano, nk’uko bimenyeshwa n’abarongozi ba Leta ya Rio.
Sentare ya Rio yafashe ingingo yo gusivya urwo rukino, ariko amasaha make arangiye iyo ngingo yahavuye ihagarikwa inyuma y’ukwerekana neza ko ivyari inzitizi vyavuye mu nzira, mw’ itangazo ryashizwe ahabona n’abarongozi ba Leta ya Rio kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 31 Rusama 2013.
Umucamanza wa sentare ya Rio de Janeiro yahavuye amenyesha ko iyo ngingo ihagaritswe inyuma yaho Leta ya Rio yerekanye ko ku bijanye n’umutekano igiporisi co gucungera umutekano i Maracana gihagaze neza nk’uko itangazo ryavyerekana
Ubwa mbere, uwo mucamanza ntiyerekana neza ko ico kibuga gitunganijwe mu bisabwa vyose kugira gishobore kwakira inkino zihambaye canke n’iyindi misi mikuru itandukanye ikomakomeye. Ubu rero abakinyi bashimwe mu gihugu ca Bresil n’abakinyi b’igihugu c’ubwongereza bose bari i Rio aho bariko barimenyerereza kugira bashobore guhura bose biteguye narirya bazoba bari imbere y’abarorerezi bangana n’ibihumbi mirongo indwi na bine.
Prosper Ndayikeza
