Accueil > Ukwemera > Abakristo > Papa Fransisco wa 1 agiye kugendera Benedicto wa XVI
 Papa Fransisco wa 1 agiye kugendera Benedicto wa XVI
 Papa Fransisco wa 1 agiye kugendera Benedicto wa XVI
				
				samedi 16 Ntwarante 2013
Umwungere mushasha w’ekleziya Gatolika Papa Fransisco wa 1, arategekanya kugendera uwo aherutse gusubirira Benedicto wa 16 kuwa gatandatu uza, igenekerezo rya 23 Ntwarante. Bitegekanijwe ko azomusanga i Castel Gandolfo, ikibanza kiri hafi y’ i Roma aho aba Papa basanzwe bafatira akaruhuko ko mu ci.
Fransisco wa 1 azova i Vaticano na kajugujugu isaha zitandatu z’umutaga, bikaba bitegekanijwe ko azoshika aho i Castel inyuma y’iminota cumi n’itanu. 
Amaze gushikayo, birategekanijwe ko azosangira infungurwa za sasita n’uwo yasubiriye.
Marie Claire Ingabire

