IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Patiri Joseph NTAWUYANKIRA yitavye Imana

Patiri Joseph NTAWUYANKIRA yitavye Imana

mercredi 30 Mukakaro 2014

Patiri Joseph NTAWUYANKIRA yahora ajejwe ivyirwa (Directeur Académique) ku seminari nkuru yitiriwe Papa Yohani Pawuro wa kabiri, iri i Songa muri komine Gitega, akaba kandi n’umuyobozi w’ishure kaminuza ry’imyuga ry’i Gitega (Recteur de l’Université Polytechnique de Gitega) yitavye Imana kuri uwu wa gatandatu.

Patiri Joseph NTAWUYANKIRA yavukiye kuri paruwasi Mbogora iri mu ntara ya Gitega, mu mwaka w’1964. Muri kaminuza yakurikiranye amashure ya philosophie, mu nyuma aronka impamyabushobozi "Doctorat" mu bijanye n’inyigisho ndoramana "Théologie".

JPEG - 17 ko
Patiri Joseph NTAWUYANKIRA

Yitavye Imana kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 26 Mukakaro 2014, igihe yari agiye gusoma imisa y’umukwanguro (imisa ya mbere umupatiri asoma ahawe iryo banga), ya mugenzi wiwe yaheruka kwatirwa mu busaseredoti. Amakuru dufise avuga ko yitavye Imana bivuye ku ngwara y’umutima yari asanzwe arwaye.


Egide Nduwimana

Messages

  • Imana imwakire imuhe uburuhukiro buhoraho imyakanimyaka Amen

  • NTITUKIHEBURE IMANA IZOBANDANYA KUTUBERA UMWUNGERE KUKO NAKARE "NTAWUYANKIRA".NKUMWE MUBO YARAREZE KURI KAMINUZA YARARONGOYE, N’UMUBABARO UKIBANDANYA KUKO NABAYE NKIMWE MU NTAMA ZIBUZE UMWUNGERE.KUBERA RERO UBUTWARI BWIWE MUKWITAHO ITERAMBERE(MU VY’UMUTIMA N’UMUBIRI NYENE),BUTUBERE AKARORERO KEZA MUKUBA NKAWE,DUTAKAMBIRE IMANA KANDI IMURONSE IMPERA IBEREYE,IDUHE KANDI UMUSUBIRIZI WIWE W’INTWARI NKAWE,MURAKOZE!

  • IMANA YASHIMYE KUMWIYEGEREZA KUGIRANGO ANEZERWE HAMWE NAYO? NININAHAZWE GUKO ARIKO ARASABIRA ABANTU BOSE BAKIRI KWISI? NANJE UNSABIRE PATI IYO URI MWIJURU.

  • Imana imwakire mu buninahazwa bwayo. Turahojeje umuryango wiwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.