IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Primus Ligue: Messager Ngozi yavugutiye umuti Academie Tchite

Primus Ligue: Messager Ngozi yavugutiye umuti Academie Tchite

mardi 27 Nzero 2015

Indwi iya 18 y’inkino za Primus Ligue yarangijwe n’urukino rw’igitangaza ruri mu rukurikirane rw’izindi nk’ino zabaye kuri uwo munsi. Umurwi wa Academie Tchite wasubiriye gutsindwa ivy’akamaramaza na Messager Ngozi.

Kuri iyo ya 18 yabaye ku magenekerezo ya 24 na 25 Nzero, imirwi yahuye uku gukurikira:

Kw’igenekerezo rya 24-01-2015

- ACADEMIE TCHITE 0 : 6 MESSAGER NGOZI

- FLAMBEAU DE L’EST 1 : 1 LL S4A

- PRINCE LOUIS 0 : 2 ATHLETICO OLYMPIC

- VOLONTAIRE FC 0 : 2 VITAL’O FC

Kw’igenekerezo rya 25 Nzero

- NYANZA UNITED 1 : 2 INTER STAR

- MESSAGER BJM 1 : 0 ROYAL FC

- OLYMPIC STAR 0 : 0 RUSIZI FC

- BUJUMBURA CITY 0 : 1 MUZINGA FC

Umurwi wa Vital’o uguma ari ntayegayezwa kw’isonga rya Primus Ligue ku manota 41n’ibitsindo 29. Ubwa kabiri haza umurwi wa Lydia Ludic Sports For Africa ku bitsindo 25 n’amanota 37. Eka umurwi wa Academie Tchite nawo ntuyegayezwa mu kibanza ca nyuma. Messager Ngozi yarawuvugutiye umuti mu rukino rwo kw’igenekerezo rya 24 Nzero ku bitsindo 6-0 bwa Tchite.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.