Accueil > Inkino > FOOTBALL > RDC: Amahirwe yo guhiganirwa igikombe c’isi yose yaheze
 RDC: Amahirwe yo guhiganirwa igikombe c’isi yose yaheze
 RDC: Amahirwe yo guhiganirwa igikombe c’isi yose yaheze
				
				lundi 17 Ruheshi 2013
Umurwi nserukiragihugu wa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo waraye uvuye mu mahiganwa ahuza ibihugu vyo muri Afrika, inyuma yo kunganya ubusa ku bundi n’umurwi nserukiragihugu w’igihugu ca Cameroun, urukino rwabaye ejo igenekerezo rya 16 Ruheshi 2013 i Kinshasa.
Abakinyi b’igihugu ca Cameroun bashoboye kugira amahirwe yo guheza bari mu kibanza ca mbere c’umurwi. Kuri ivyo, bategerezwa gutsinda umurwi nserukiragihugu wa Libye mu rukino ruzobahuza muri Libye, igenekerezo rya 6 Nyakanga 2013.
Uwo murwi w’igihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusandi ya Congo ntuzokina mu gice ca nyuma c’izo nkino zo gukuranamwo kugira haboneke ibihugu bizoserukira Afrika mw’ihiganwa y’igikombe c’isi yose co mu mwaka w’2014. Urukino rw’ejo rero rwabahuje n’igihugu ca Cameroun nirwo rwabakuye mu mahiganwa.
Hamwe n’amanota atandatu mu nkino zitanu,umurwi w’igihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo urashobora kuzoheza ari uwa kabiri mu murwi wa mbere mu gihe botsinda muri Togo mu rukino  ruzoba igenekerezo rya 6 Nyakanga 2013.
Ku ruhande rw’umurwi nserukiragihugu wa Cameroun, utegerezwa kuzotsindira iwabo umurwi nserukiragihugu wa Libye, kugira bashobore gushika mu rukino rwa nyuma rw’amahiganwa mu ntumbero yo kuzoshika mu mahiganwa y’igikombe c’isi yose co mu mwaka w’ 2014.
Prosper Ndayikeza
