IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Real Madrid yatahukanye igikombe ca 11 ca Champions League (Amafoto)

Real Madrid yatahukanye igikombe ca 11 ca Champions League (Amafoto)

dimanche 29 Rusama 2016, par egide

Real Madrid yasubiriye kunezereza abakunzi bayo itwara igikombe ca UEFA Champions League ku ncuro ya 11. Real Madrid yaciye ibandanya kuba umurwi umaze gutwara ico gikombe incuro nyinshi kurusha iyindi mirwi yose kw’isi.

Iryo teka Real Madrid yaryiteye inyuma yo gutsinda mukeba wayo, Atletico Madrid, mu rukino rwa nyuma rwabereye i San Siro mu gisagara ca Milan, mu Butaliyano, ahari hakoraniye abakunzi b’umupira w’amaguru barenga ibihumbi 80.

Mu bice bitandukanye vy’isi naho, amamiriyoni menshi y’abantu yariko akurikirana urwo rukino ku Mboneshakure hamwe no ku buhinga ngurukanabumenyi bwa Youtube ku buntu.

Sergio Ramos niwe yinije igitsindo ca mbere ku munota wa 15, igitsindo caje kugomborwa na Yannick Carrasco wa Atletico Madrid ku munota wa 79 w’urukino.

Iminota 90 yarangiye imirwi yompi inganya igitego kimwe kuri kimwe, baca bikora ku maperenati. Juanfran yananiwe iya nyuma ku ruhande rwa Atletico Madrid, nayo Cristiano Ronaldo yinjiza iya nyuma ku ruhande rwa Real Madrid.

Ico gikombe ca UEFA Champions League ku ncuro ya 11 Real Madrid igitwaye iri kumwe na Zinedine Zidane, umumenyereza amaze amezi atanu gusa ari kumwe n’uwo murwi.

Amafoto


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.