Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Rutana: Ikigega co guhiganwa mu vy’imitahe
 Rutana: Ikigega co guhiganwa  mu vy’imitahe
  Rutana: Ikigega co guhiganwa  mu vy’imitahe
				
				jeudi 18 Ndamukiza 2013
Umupfasoni Kayitesi Odette atwara ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi,afadikanije n’ingoma y’ububiligi baratanguje mu ntango z’iyindwi muri komine ya Rutana ikigega co guhiganwa mu vy’imitahe muri wa mugambi w’inzego za Leta zogufasha igisata c’uburimyi PAIOSA.
Ico kigega kikazoza gufasha mu kuronka ingurane kubarimyi n’aborozi b’abarundi muri wamugambi PAIOSA mu ntara 5 zo mu Bururndi arizo Kirundo,Rutana,Ruyigi,Bubanza , Cibitoke.
 
- Umupfasoni Kayitesi Odette atwara ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi
Ico kigega kikazofasha cane mu biterwa nk’umuceri,ibitoke,amata,ibigorihamwe n’ibindi, nk’akarorero kumugambi w’umurimyimworozi ,icokigega kizofasha kubice 25 kw ‘ijana ,50 kw’ijana ,hamwe na 75 kw’ijana vy’ibiguzi vyose. Ingurane izoja hagati y’amafaranga imiriyoni 3 hamwe n’imiriyoni 150 z’amafaranga y’amarundi (ni ukuvuga amafaranga 1900 y’amadorari hamwe n’amadorari 960000.
Ico ciyumviro ca Leta y’Uburundi caje kugira giteze imbere ibisata vy’uburimyi bw’uburundi kugira bashobore kwongereza amahera yinjira kubarimyi n’aborozi.
Foto: Burundi-Agnews
Floxella Karire
