Accueil > Inkino > FOOTBALL > Rwanda: FERWAFA yirukanye umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu
 Rwanda: FERWAFA yirukanye umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu
 Rwanda: FERWAFA yirukanye umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu
				
				vendredi 19 Ndamukiza 2013
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Rwanda (FERWAFA) ryirukanye umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu y’umupira w’amaguru Milutin ’Micho’ Sredojevic.
Itangazo ryo ku rubuga rwa internet rwa FERWAFA rivuga ko uyu mugabo yirukanywe kubera umwimbu muke .
Inyuma yo gutsindwa ibisindo 2-1 n’umurwi wa Mali, umurwi w’igihugu c’Urwanda ubu niyo iri inyuma mw’ itsinda irimwo mu mikino yo gutoramwo imirwi izokina mw’irushanwa ry’igikombe c’isi kizoba muri 2014.
 
- Milutin Sredojevic yahora ari umumenyereza umurwi nserukiragihugu,Rwanda
Milutin Sredojevic yatanguye kumenyereza umurwi w’igihugu c’Urwanda mu kwezi kwa Munyonyo m’umwaka w’ 2011 asubiriye umunyaghana Sellas Tetteh.
Uyu mugabo ava mu gihugu ca Serbia, yaje kumenyereza ubwa mbere imirwi  yo muri Afrika muri 2001 ahereye ku murwi wo muri Uganda ya SC Villa.
Mu mirwi yamenyereje  kandi harimwo Orlando Pirates yo muri Afrika y’epfo.
Aristide Nizigire
