Accueil > Inkino > FOOTBALL > Sepp Blatter yamenyesheje ko azorongora FIFA gushika muri Ruhuhuma (...)
Sepp Blatter yamenyesheje ko azorongora FIFA gushika muri Ruhuhuma 2016
mardi 29 Nyakanga 2015
Joseph Sepp Blatter, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi yasubiye kwemeza ko azoguma arongoye FIFA gushika habaye amatora mu kwezi kwa Ruhuhuma 2016.
Sepp Blatter yagirizwa kugira uruhara mu bijanye n’ibiturire bivugwa mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA.Ariko arahakana ko amafaranga imiriyoni zibiri z’ayakoreshwa mu gihugu c’Ubuswise yarungikiye Michel Platini mu mwaka w’2011 yaciye mu mategeko.
Joseph Blatter akurikiranwa kandi ku bijanye no gukoresha nabi amafaranga y’ishirahamwe FIFA .
Abicishije ku bashingwamanza biwe,Joseph Blatter yisiguye mw’itangazo ryo kuwa mbere igenekerezo rya 28 Nyakanga 2015,avuga ko yakoranye neza n’abandi bari bafadikanije kurongora ishirahamwe FIFA,kandi ko ataco yakoze giciye inyuma y’amategeko.
Van Naris Mugisha