Accueil > Inkino > FOOTBALL > Suarez yariye amenyo umukinnyi wa Chelsea
 Suarez yariye amenyo  umukinnyi wa Chelsea
 Suarez yariye amenyo  umukinnyi wa Chelsea
				
				mardi 23 Ndamukiza 2013
Umurwi wa Liverpool wahanishije igihano co kuriha amafaranga y’ihadabu umukinnyi wayo Luis Suarez kubera yariye amenyo umukinnyi wa Chelsea, Branislav Ivanovic.
Suarez w’imyaka 26, yariye amenyo ukuboko kwa Ivanovic mu rukino Chelsea yanganije na Liverpool 2-2,Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Bwongereza, ryavuze ko ririndiriye ibizova mu cegereranyo c’abari barongoye urukino n’ukuntu uwo mukinyi yariye amenyo mugenzi we kugira rirabe ico ryokora.
 
- Luis Suarez
Suarez yasavye ikingongwe kubera iyo nyifato yiwe ,kandi yanavuganye n’umukinyi wa Chelsea yariye amenyo kugira ngo amusabe imbabazi.Si n’ubwa mbere Luis Suarez arya amenyo,ico gihe ho yahanishijwe kudakina inkino indwi inyuma yaho ariye amenyo umukinnyi wo hagati wa PSV Eindhoven Otman Bakkal mu mu rukino rwabaye muri 2010.
Joel Sengurebe
