Accueil > Inkino > FOOTBALL > Suisse: Sepp Blatter yatanguye kugirwako amatohoza n’ubucamanza
 Suisse: Sepp Blatter yatanguye kugirwako amatohoza n’ubucamanza
 Suisse: Sepp Blatter yatanguye kugirwako amatohoza n’ubucamanza
				
				samedi 26 Nyakanga 2015
Abajejwe intwaro mu gihugu ca Suisse bamenyesha ko batanguye gukurikirana umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi, FIFA, Sepp Blatter, ku vyaha akekwa ko yagizemwo uruhara.
Ibiro vy’umushikirizamanza mukuru muri Suisse, bivuga ko Sepp Blatter ariko agirwako itohoza ku gutumganya nabi no gutwara nabi ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA.
Mu vyo yagirizwa, harimwo ivyo abajejwe intwaro bavuga ko yoba yararishe bidaciye mu mategeko amafaranga imiriyoni zibiri z’amadolare umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru i Buraya, Michel Platini.
Michel Platini ari mubashobora gusubirira Sepp Blatter mu kibanza co kurongora FIFA,ahejeje gutanga imihoho mu kwezi kwa kabiri mu mwaka uza w’’2016.
Sepp Blatter yaciye ategerezwa gusivya ikiganiro ku bamenyeshamakuru i Zurich, kuko yariko arabazwa n’abapolisi.
Mwomenya ko abandi bakuru ba FIFA bari begereye Sepp Blatter bamaze gutangura kubazwa inyuma yo guhagarikwa mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Van Naris Mugisha
