Accueil > Inkino > FOOTBALL > Tusker yasezeye CECAFA itaratangura
 Tusker yasezeye CECAFA itaratangura
 Tusker yasezeye CECAFA itaratangura
				
				vendredi 7 Ruheshi 2013
Umurwi wa Tusker wari guserukira Kenya mu gikombe ca CECAFA wamaze kumenyesha ko usezeye irushanwa ritaratangura kubera kwikanga ibibazo vy’umutekano.
Aya mahiganwa azotangura  mu kwezi gutaha mu gihugu ca Sudani.
Umurwi wa Tusker yabwiye ishirahamwe rya Kenya ry’umupira w’amaguru ko rifise impungenge z’umutekano kuri izo nkino zigomba kubera mu ntara ya Darfur
Izi mpungenge zije inyuma y’inyandiko zihumuriza imirwi yose igomba kuja mu  mahiganwa, yorungitswe  mu kwezi gushize n’umukuru w’ishirahamwe rya Sudani, Magdi Shams Eldin.
Umukuru w’ishirahamwe rya Kenya, Sam Nyamweya, yavuze ko bumva amakenga ya Tusker kandi ko ico gihugu kitokwemera kurungika umurwi ugiserukira  gukinira mu gace katizewemwo umutekano.
Kuri we ngo ni inshingano za CECAFA kuraba ahandi hantu hokworohera imirwi yose kwitabira amahiganwa.
Gusa umunyamabanga mukuru wa CECAFA, Nicholas Musonye, we yavuze ko ingingo ya Tusker yo gusezera mu mahiganwa kitazotuma inkino zimurwa.
Tusker yari mw’ihiganwa rya mbere ryokiniye mu gisagara ca AL Fashir aho yari kumwe na El Merreikh ya Sudan, APR yo mu Rwanda na Elman yo muri Somalia.
Joel Sengurebe
