Accueil > Ukwemera > Abakristo > Ubucamanza bw’ubufaransa bushaka ko Papa mushasha yumvirizwa
 Ubucamanza bw’ubufaransa bushaka ko Papa mushasha yumvirizwa
 Ubucamanza bw’ubufaransa bushaka ko Papa mushasha yumvirizwa   
				
				vendredi 15 Ntwarante 2013
Umucamanza w’umufaransakazi yari yasavye mu 2011 ko umukardinari Bergoglio, ubu yatowe kuba Papa yokwumvirizwa, mu ntumbero y’amatohoza yabaye ku rupfu rw’umupatiri w’umufaransa mu 1976, yishwe n’intwaro yagahotoro yo mu gihugu ca Argentine.
Sylvia caillard ,umucamanza wo muri sentare nkuru y’i Paris,yashikirije ibirego i Buenos aires umurwa mukuru wa Argentine kugira uwo mu Cardinari yumvirizwe nk’icabona ku bijanye n’urwo rupfu rwa patiri Gabriel Longueville, mu gihe hatangura intwaro y’agahotoro mu gihugu ca Argentine mu mwaka 1976 nk’uko bisigurwa na Sofiya Thonon ,umushingwamanza w’umuryango w’uwo mupatiri.
Abategetsi bo muri Argentine ntibigeze bishura ku bijanye no kwumviriza  Bergoglio.’’
Ico gihe yari yabonye ko kwumviriza Bergoglio vyari bikenewe kugira uwo mu Cardinali  w’i Buenos aires  ahe umuco uwo mucamanza.
« Papa ashobora kuba atari mu bantu bakomeye bagwanira agateka ka zina muntu’’ vyavuzwe na Me Thonon .’’Ahubwo yoba  yagirizwa kuba atigeze yiyamiririza ubwicanyi bwakorwa n’intwaro z’agahotoro, ako gacerere kiwe kakaba kimwe mu vyakingira ikibaba amabi » niko uwo mushingwamanza abandanya avuga.
Uwo mupatiri wa paruwase Elchamical wo mu  ntara ya La Rioja ,Gabriel Longueville yari yaranyurujwe hamwe n’uwitwa Carlos Murias kuwa 17 mukakaro 1976.Ibiziga vyabo bikaba vyatowe bukeye aho vyari vyatobaguwe n’amasasu,hamwe n’ibimenyetso vyerekana ko batotejwe.
Abasirikare  babiri ba kera hamwe n’umupolisi w ‘umu nya Argentina baraciriwe urubanza mu kwezi kwa kigarama  kubera ubwo bwicanyi.
‘’Ubucamanza bwa Argentine buriko burakora akazi gakomeye ku vyaha vyakozwe kuri zo ntwaro z ‘agahotoro,ibishimwa na Me Thono.
Icegeranyo cerekana ko icaha cakozwe canke kitakozwe c’umucamanza Caillard kuri ubwo bwicanyi, kiracari mu nzira ,ariko bishobora gufata intumbero y’uko atacaha cakozwe.
Floxella Karire
