Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Uburyo butuma umuntu agira umubiri mwiza
 Uburyo butuma umuntu agira umubiri mwiza
 Uburyo butuma umuntu agira umubiri mwiza
				
				vendredi 26 Ndamukiza 2013
Ntivyoroshe kuvuga ko umuntu yogira umubiri mwiza mu gihe yaraye ijoro ryose adasinziriye. Kubura itiro bituma umubir i usa nk’uwurushe. Umera nk’uwuzazaniwe utibagiye amaso aca ahindura ibara agasa nk’ayatukura ,akaca amera nk’ayatagikanura neza. Hariho impanuro zisanzwe umuntu ashobora gukurikiza kugira umubiri use neza kandi umere nk’uwukeye.
Nta muntu atipfuza kugira umubiri usa neza. Eka na bamwe bikorera imyavu canke abakarani nabo nyene bararondera kugira umubiri mwiza n’ubwo baba batwawe n’ibikorwa vyinshi bikabatuma bataronka n’akanya ko kwitaho imibiri yabo mu kuyiruhurira canke mukuyiruhurira.
Umurongo ngurukanabumenyenyi www. utile.fr  uradufasha mu mpanuro z’ukugene umuntu yoshobora kugira umubiri mwiza.
N’ubwo umuntu yoba yaraye adasinziriye, ni ivyankenerwa kwoga mu maso agaca yisiga n’amavuta yahagenewe kugira agire mu maso heza hakeye kandi amaraso ashore gutembera.  Ayo mavuta yagenewe kwoza neza mu maso mukuyisiga  ni  vyiza gushimika mu maso  na hafi y’umunwa.
Ubundi buryo nabwo umuntu yokoresha kugira agire umubiri mwiza mu maso, arashobora gukoresha agatambara yakojeje mu cayi gikanye akagashira ku maso nk’iminota mike ugaca ukurako. Birafasha gose mu gihe umuntu yaraye adasinziriye.
Kunywa ikirahuri  c’amazi imbere y’ugufungura imfungurwa zo mu gitondo bizotuma amaraso yo mu mubiri  atembera neza no gutuma ibihimba vyo mu mubiri bikora neza.
Guhema canke gusohoraimpwemu bukebuke  bituma  vyongereza uruja n’uruza rw’impwemu , bigatuma umubiri uhema neza ari naho umubiri uca usa neza.
Kunywa amazi y’indimu mu gihe ugira ufungure mu gitondo. Bikura imicafu yose yari yinyengeje  mu mubiri.
Kwinonora imitsi nk’iminota mirongo itatu ku munsi ku munsi bifise ingaruka nziza ku mubiri kuko bituma naho nyene amaraso atembera neza mu mubiri.
Impanuro nyamukuru bahamagarira abantu gukurikiza ni iy’ukwihereza imfungurwa zoroshe aho naho umuntu agahitamwo izirimwo ivyoza umubiri na cane nk’imboga n’ivyamwa.
Mariella Bukuru

Messages
7 Ruheshi 2015, 12:47, par Vianney Nduwimana
Murakoze Kutwigisha Ndahamenyeye Vyishi Vyiza
13 Mukakaro 2015, 08:32, par Wilson Smith
Mbeho Umubiri woronka Inguvu gute?
8 Mukakaro 2016, 14:37, par NIBIMPA CRAVER
MURAKOZE KUTWIGISHA IVYOTUTARI TUZI MURAKOZE
29 Munyonyo 2016, 09:40, par MUGISHA MOISE
Jewe Ivyo Mwampayfye Nashimye Mpa Ibindi