Accueil > Inkino > FOOTBALL > UEFA iripfuza guhana bikomeye amacakubiri
 UEFA iripfuza guhana bikomeye amacakubiri
 UEFA iripfuza guhana bikomeye amacakubiri
				
				jeudi 11 Ndamukiza 2013
Amategeko mashasha y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kumugabane wa Buraya, UEFA, ririko riragutegura, ateganya ko abakinyi canke abategetsi b’inkino bizokwibonekezako bafise ingeso z’amacakubiri bazohanishwa kutaboneka kubibuga mu mikino 10.
Umunyamabanga mukuru wa UEFA, Gianni Infantino, yamenyesheje ko imigwi y’inkino nayo ishobora gusabwa kugara igice kimwe c’ikibuga canke ikibuga cose igihe abakunzi babo bahohoteye abakinyi bifatiye kubwoko bwabo.
Gianni Infantino yongeyeko, k’aringombwa ko hafatwa ingingo ruhasha kuko amacakubiri abangamiye cane inkino z’umupira w’amaguru.
Impari kumacakubiri abera mu kibuga zariyongereye, munkino z’uyumwaka inyuma yaho umukinyi wo hagati wa AC Milan, Kevin-Prince Boateng n’umurwi wiwe basohokeye mu kibuga kubera ihohoterwa ry’amacakubiri yakorewe murukino rwa gicuti rwaberaga mu Butaliyano.
Arsitide Nizigire
