IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > UEFA Super Coupe: Fc Barcelona itwaye igikombe,ikwiza ibikombe 4 mu mwaka (...)

UEFA Super Coupe: Fc Barcelona itwaye igikombe,ikwiza ibikombe 4 mu mwaka w’2015

mercredi 12 Myandagaro 2015

Umurwi FC Barcelona wo mu gihugu ca Espagne,watwaye igikombe ca UEFA Super Coupe kuwa kabiri igenekerezo rya 11 Myandagaro 2015,uhejeje gutsinda uwundi murwi wo muri Espagne FC Seville,ibitsindo 5 kuri 4.

Urukino rwabereye ku kibuga ca Tbilisi mu gihugu ca Georgia.Igitsindo ca mbere ca FC Barcelona cinjijwe na Lionel Messi ku munota w’indwi agombora icari cinjijwe na FC Seville ku munota wa 3.

Igitsindo ca kabiri ca FC Barcelona cinjijwe na Lionel Messi nyene ku munota wa 15,mu nyuma umukinyi Rafinha atsinda igitsindo ca gatatu igice ca mbere kigomba gihere ku mupira ahawe na Suarez.Igice ca mbere gihera,ari ibitsindo 3 vya FC Barcelona ku gitsindo kimwe ca FC Seville.

Ku monota wa 52,Luis Suarez yatsinze igitsindo ca kane.Ariko ibintu ntivyatevye kuko ku munota wa 47 umukinyi Jose Antonio Reyes yatsinze igitsindo ca kabiri ca FC Seville,ku munota wa 72, ku munota wa 57 Kevin Gameiro yatsinze igitsindo ca gatatu ca FC Seville,biza kurangira umukinyi Yevhen Konoplyanka agomboye igitsindo ca kane, iminota 90 y’urukino ihera banganya ibitsindo bine.

FC Barcelona yatahukanye intsinzi inyuma y’igitsindo cinjijwe na Pedro Rodriguez mu minota bobongeye,ku munota wa 115.

Kibaye igikombe ca kane umurwi FC Barcelona utwaye muri uyu mwaka w’2015,inyuma y’igikombe co mw’ihiganwa rya Espagne La ligua,ica Champions Ligue,n’igikombe c’umwami muri Espagne.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.