IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Amabi > Umugabo yahukanye kubera umugore wiwe atanyurwa n’amabanga y’abubatse

Umugabo yahukanye kubera umugore wiwe atanyurwa n’amabanga y’abubatse

lundi 1er Nyakanga 2014

Ingorane ziba hagati yabubakanye ziratandukanye, hari izihanganirwa n’izindi zinanirana, zikavyara kwahukana. Zimwe muri izo harimwo ukudashira inambu y’amabanga yabubatse bigirwa n’umugore canke umugabo. Umugabo wo mu gihugu c’Ubuhindi yahavuye yisabira kwahukana kubera umugore wiwe yaguma ashaka ko bagira ayo amabanga.

Uwo mugabo wo mu gihugu c’Ubuhindi yagize ubugeni muri Ndamukiza umwaka w’i 2012. Kuva ico gihe yamenye mu nyuma ko umugore wiwe atigera ashirwa iyo bagize amabanga y’abubatse "l’insatiable appétit sexuel". Uwo mugabo yarasigaye abona umugore wiwe nk’igikoko. Uwo mugore amaze kubona umugabo atabishobora, yaciye arondera imiti yomwongereraza inguvu kugira bikunde amushikire ku nyota.

Niko uwo mugabo yateba akitura ubungane bw’i Bombay mu burengero bw’Ubuhindi. Mu birego vyiwe yavuga ko umugore wiwe yamuriye umutima kubera atigera anyurwa n’amabanga y’abubatse, yaranavuze kandi ko yagiye no mu bitaro kubera ico gikorwa kitamworoheye. Sentare imaze kumwumviriza, umucamanza yaciye amusabira kwahukana.

Umucamanza yagize ati:"Umugabo aramutse yitabariza n’uko abonako kwihangana vyanse, yarengewe. Asigaye abona umugore wiwe nk’igikoko kije kumurya".

Ivyo vyashikiye uwo mugabo hari n’abandi bishikira hirya no hino ariko bakabigira ibanga uwo rimena ryomumena umutwe, ariko vyongeye ni ihwa ritoroshe guhonyorako.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.