Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Umugambi mushasha wo kurwiza umwimbu
 Umugambi mushasha wo kurwiza umwimbu
 Umugambi mushasha wo kurwiza umwimbu
				
				mardi 2 Kigarama 2014
Umugambi mushasha wo kurwiza ibiti bibana neza n’imirima niwo ugiye kuzoshirwa imbere, mu ntumbero yo kurwiza umwimbu.
Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, bubicishije mu kigo c’ubushakashatsi mu burimyi n’ubworozi (ISABU), bukaba bwatanguje umugambi ujanye n’ikoreshwa ry’igiti mu kurwiza umwimbu mu Burundi. Ivyo rero bikaba vyotuma umurimyi-mworozi yizera ko uwo mugambi uzomugirira akamaro kuko ingorane zihanze abanyagihugu ari iz’amatongo. Ikigo ISABU gisanzwe kirondera ubwoko bw’ibiterwa mbumbarugo, njabukamazi n’ibindi biterwa vyose vyimbuka mu Burundi, ubwo bwoko bwimbuka bukaba bufatiye kw’ihindagurika ry’ibihe.
Muri uwo mugambi rero, hakazoshirwa imbere ugukoresha ibiti bibana neza n’ibiterwa mu ndimiro.
Aristide Nizigire

Messages
4 Kigarama 2014, 01:00, par jeansimbagoye
uwo mugambi ni mwiza nukuri!none ubwoko bw’ivyo biti n’ubuhe?nimwatanguza igikorwa co kubitera muzohere iwacu mu ruyigi i nyatsinda.
3 Rusama 2015, 09:50, par Jeansimbagoye.Com
Abanyagihugu B’inyabitsinda Twifuza Guhabwa Imbuto Z’ibiti Vyo Kumisozi Nibindi Vyobana N’indimo Nk’ikaratusi,gereveriyo,sederera...Dusaba Kandi Ko Twotunganirizwa Imyaba Canke Imyonga Yo Kurimiramwo Imiceri Nka Nyamabuye Na Ntanga Kugira Ngo Twimbure Umuceri Mwishi Kandi Keshi Mumwaka.