Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Carlos Tevez yahawe igihano co kumara amezi atandatu adatwara (...)
 Umukinyi Carlos Tevez yahawe igihano co kumara amezi atandatu adatwara umuduga
 Umukinyi Carlos Tevez yahawe igihano co kumara amezi atandatu adatwara umuduga  
				
				mercredi 3 Ndamukiza 2013
Umukinyi w’umurwi Manchester City, Carlos Tevez, yahawe igihano co kudatwara imodoka mu gihe c’amezi atandatu kandi ategekwa gukora amasaha 250 y’ibikorwa vy’iterambere inyuma yaho yiyemereye we nyene ko yatwaye imodoka adafise uruhusha rwo kuyigendesha.
Uwo mukinnyi w’imyaka 29 y’amavuka akomoka mu gihugu ca Argentina yategetswe kandi kuzotanga ihazabu y’amadolare 1500.
Yatawe muri yompi mu kwezi guheze I Macclesfield mu majaruguru y’Ubwongereza ariko atwaye imodoka yo mu bwoko bwa Porsche.
Sentare yabwiwe ko Carlos Tevez atari afise uruhusha rwo gutwara imodoka mu Bwongereza. Imwe mu mpamvu akaba ari kubera vyamugoye cane gutora ikibazo co kumenya ivyapa n’amategeko agenga amabarabara.
Jean Michel Ndayikengurutse


Messages
3 Ruheshi 2015, 15:16, par eric nshimirimana
koko umuntu aatwarimodoka ayifitiyuruhusha?komubindibihukwatarikobiri?