IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Mac Arthur yasezeye umurwi yahora akinira

Umukinyi Mac Arthur yasezeye umurwi yahora akinira

mercredi 10 Nyakanga 2014

Umukinyi w’umunyezamu, Arakaza Mac Arthur yasezeye umurwi wa Flambeau de l’Est, yagiranye amasezerano mashasha n’umurwi yahozemwo wa Vital’o. Asezeye umurwi yahoramwo neza kandi gusubira muri Vital’O ni intambwe kuri we.

Uwahoze ari umunyezamu w’umurwi wa Flambeau de l’Est wo mu ntara ya Ruyigi, Arakaza Mac Arthur, yungururije mu murwi wa Vital’o. Bagiranye amasezerano y’umwaka. Uwo munyezamu agiye gufashanya na Biha Omar asanzwe ari umunyezamu wa Vital’o. Mac Arthur agiye muri Vital’o mu gihe n’umurwi wa Lydia Ludic wariko uramurondera, ariko uwo wa nyuma washaka ko bogirana amasezerano y’imyaka 2.

Mac Arthur arashimira abakinyi bahorana muri Flambeau de L’Est, akanashimira n’abarongozi b’umurwi kuko muri uwo murwi yaharonkeye imigisha myinshi, aha avuga igihe yatorwa nk’umunyezamu wa mbere yigenjeje neza mu mahiganwa ya CHAN 2014, eka yaranafashije Flambeau de l’Est gutsindira igikombe ca Primus League 2013-2014.

JPEG - 112.1 ko
Mac Arthur imbere y’abakinyi ba Flambeau de l’Est

Mwomenya ko umunyezamu Mac Arthur Arakaza yatanguye kuba ari mu murwi wa Aigle du Sud w’i Makamba, agaca agomwa muri Vital’o (agarutsemwo), hanyuma yaranakinye mu murwi wa Lydia Ludic. Yinjiye muri Flambeau de l’Est mu mwaka w’2012, yari amazeyo imyaka 2.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.