IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Pierrot KWIZERA w’Uburundi niwe yarushije abandi bose mw’ihiganwa ryo mu (...)

Pierrot KWIZERA w’Uburundi niwe yarushije abandi bose mw’ihiganwa ryo mu Rwanda

samedi 30 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukinyi w’Umurundi Pierrot KWIZERA asanzwe akinira Rayon Sport yo mu Rwanda, akaba kandi akinira n’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, niwe yatahukanye agashimwe k’umukinyi yakinye neza kurusha abandi bose, mu mwaka w’2015 ushira uw’2016.

Ibirori vy’ugushikirizwa ako gashimwe vyabereye i Kigali kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 29 Mukakaro 2016, ku cicaro c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Rwanda. Pierrot KWIZERA, umukinyi wo hagati mu kibuga yahurijweko na bose ko ariwe yarushije abandi gukina neza, akaba ariwe yafashije umurwi wa Rayon Sports gutahukana igikombe c’Amahoro, yongera afasha umurwi wiwe gutahukana ikibanza ca kabiri mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu cicaro ca mbere mu Rwanda.

JPEG - 110.4 ko
Pierrot KWIZERA (hagati)

Pierrot KWIZERA yahawe igikombe hamwe n’ibahasha y’amafaranga umuriyoni umwe w’amanyarwanda. Uwo mukinyi akaba aheruka gutera umukono ku masezerano y’imyaka ibiri yindi agiye kumara akinira umurwi wa Rayon Sports.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.