IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu rugamba ziratana mu mitwe n’umurwi nserukiragihugu wa (...)

Intamba mu rugamba ziratana mu mitwe n’umurwi nserukiragihugu wa Tanzaniya

mardi 9 Kigarama 2014

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi mu mupira w’amaguru, mu bakunyi batarenza batarenza imyaka 23 baraye mu gihugu ca Tanzaniya aho bitavye urukino rwa kivandimwe mu ntumbero yo gushigkira ico gihugu guhimbaza umunsi mukuru wo kwikukira.

Amakuru atangwa n’umumenyeshamakuru Amidou Hassan ari mu bakinyi bitavye urwo rukino, amenyesha ko bashitse i Dar Es Salama muri Tanzaniya igihe c’isaha icumi n’iminota mirongo ibiri (16h20). Kubera umwanya muto wari usigaye, abakinyi bashikiye mu myimenyerezo.

Amakuru nyene ya mugenzi wacu Amidou Hassan abandanya avuga ko inyuma y’imyimenyerezo abakinyi n’abaherekeje bagiye kuruha, ko ata mukinyi n’umwe aniha umusonga. Intsinzi barayibona. Urukino ruba kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 09 Kigarama kuva igihe c’isaha icenda z’umuhingamo mu masaha y’i Bujumbura.

Amasanamu y’abo bakinyi :


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.