Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi w’intamba uzokina ubwa mbere ufise kizigenza mushasha
 Umurwi w’intamba uzokina ubwa mbere ufise kizigenza mushasha
 Umurwi w’intamba uzokina ubwa mbere ufise kizigenza mushasha
				
				mercredi 3 Nyakanga 2014
Umurwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba warangije imyiteguro y’urukino kivandimwe n’umurwi nserukira gihugu wa Tanzaniya. Izo nkino kivandimwe ziba mu ntumbero yo kwitegurira inkino za CECAFA zimirije kuba muri Munyonyo.
 
- Saido Ntibazonkiza agiye kuba kizigenza w’Intamba mu Rugamba
Umumenyereza Rainer Willfeld afadikanije n’abandi yaramaze ukwezi amenyereza abakinyi b’Intamba bakinira mu Burundi. Abakinira mu bindi bihugu ni nka Saido Ntibazonkiza ari mu Turquie ari nawe azokwambara ikimenyetso ca kizigenza w’imfata kibanza kuva aho Nahayo Valery asezereye, Didier Kavumbagu, Tambwe Hamissi na Pierre bakina muri Tanzaniya bazokwitaba urwo rukino. Abo bakinyi barangiza imyimenyerezo ku muhingamo w’igenekerezo rya 04 Nyakanga, bagiye mu mwiherero aho bazosohoka baja mu kibuga. Aho ni kugira isango rizoshike bameze neza.
Iyo mirwi nserukira bihugu iriko yitegurira inkino za CECAFA zigiye kuzobera mu gihugu ca Ethiyopiya muri Munyonyo uno mwaka.
Iryo sango ritegekanijwe kw’igenekerezo rya 07 Nyakanga ku kibuga c’umuganwa Rudoviko Rwagasore kuva isaha icenda n’igice z’umuhingamo.
Mwomenyako urukino rwa mbere rwabereye mu gihugu ca Tanzaniya
Cherif Nkeshimana

Messages
3 Nyakanga 2014, 17:38, par MURISHI.simon76805920
nibaza ko abakinyi bokwitegura bihagije kugira tuzorutsinde
4 Nyakanga 2014, 12:00, par jiriber
tuzotsinda.2.0