IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Umurwi w’Urunani wasubiye gutera iteka Uburundi

Umurwi w’Urunani wasubiye gutera iteka Uburundi

lundi 1er Nyakanga 2014

Umurwi w’Urunani waraye utahukanye igikombe wakuye mu mahiganwa yahuza ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko( zone 5).

Inyuma yo kwitaba inkino bigoranye ku mvo z’ubukene bw’amahera buri mu bushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama, umurwi w’Urunani waraye usubiriye gutera iteka Uburundi. Urunani wakuye ico gikombe mu minwe y’umurwi Kenya Port Authority wo mu gihugu ca Kenya ku manota 68 kuri 59. Uwo murwi watwaye ico gikombe no mu mwaka w’i 2013 ntiwigeze utsindwa urukino na rumwe.

Uwurongoye umurwi w’Urunani atera akamo Abakunzi b’umurwi n’abandi kuja gutegera uwo murwi aho uza kwururuka indege uzanye ico gikombe. Inkino zabereye i Mombassa muri Kenya.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.