Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Academie Tchite uratana mu mitwe n’umurwi wa AS Kigali
 Umurwi wa Academie Tchite uratana mu mitwe n’umurwi wa AS Kigali
 Umurwi wa Academie Tchite uratana mu mitwe n’umurwi wa AS Kigali
				
				samedi 8 Ruhuhuma 2014
Umurwi w’umupira w’amaguru wo mu Burundi Academie Tchite uhava utana mu mitwe n’umurwi wo mu Rwanda As Kigali mu nkino z’imirwi yatwaye igikombe iwabo.
 
- Umurwi wa academie Tchite
Kuri uwu munsi w’igenekerezo rya 08 Nzero, Uburundi buraserukirwa n’umurwi wa Academie Tchite mu nkino zihuza imirwi yatwaye igikombe mu bihugu iwabo. Muri urwo rukino, umurwi wo mu Burundi «Academie Tchite» umenyerezwa na Ndizeye Jimmy uza gutana mu mitwe n’umurwi wa Association Sportive de Kigali, AS Kigali umenyerezwa na Cassa Mbugo, bagakinira ku kibuga c’i Nyamirambo i Kigali.
 
- Jimmy Ndizeye umumenyereza wa Academie Tchite
Umurwi wa Academie Tchite, mu mahiganwa ariko ahuza imirwi yo mu Burundi, ufise ikibanza c’indwi n’amanota 9 mu nkino 6 umurwi umaze gukina.
 
- Umurwi wa AS Kigali
Umurwi A S Kigali nawo mu mahiganwa ariko ahuza imirwi yo mu gihugu c’Urwanda, ufise ikibanza ca 4 n’amanota 31 mu nkino 16 umurwi umaze gukina.
Chérif Nkeshimana
