Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Academie Tchite watashe zirayoye
 Umurwi wa Academie Tchite watashe zirayoye
 Umurwi wa Academie Tchite watashe zirayoye
				
				jeudi 5 Ruheshi 2014
Muri za nkino za CECAFA Nil Cup ziriko zibera mu gihugu ca Sudani, umurwi wa Academie Tchite wariko urondera ikibanza ca gatatu waraye utashe zirayoye. Umurwi wa Shandy warawukuyemwo.
Inyuma yo gutsindwa n’umurwi Leopalds wo muri Kenya mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, umurwi wa Academie Tchite waciye uhabwa amahigwe yo gukina urukino rwo kurondera ikibanza ca gatatu. Mu kurondera ico kibanza, umurwi w’Uburundi watanye mu mitwe n’umurwi Shandy wo muri Sudani. Urukino rwabaye kuri uwo wa gatatu igenekerezo rya 4 Ruheshi igihe c’isaha icumi n’iminota 30 (16h 30).
Shandy ntiworohereje Academie Tchite mukuwuyitsinda ibitsindo 4 kuri 1 (4-1), amahiganwa kuri Academie Tchite aheza arangira uwo murwi ufise ikibanza ca 4. Agapfungo k’i 10.000 vy’amadori y’abanyamerika kaba karabasimvye.
Mwomenya ko amahiganwa ya CECAFA NIL CUP ariko aba ku ncuro ya mbere, umurwi wa Leopalds watsinze Academie Tchite mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, uzohigura n’umurwi wa Victoria Universty watsinze Shandy muri ico gice nyene.
Cherif Nkeshimana
